NEWS - ENGLISH

EAC - ACTUALITE

CPHA International

CPHA Rwanda

CPHA R.D.Congo

CPHA Skandinavia

Coord. Internationale

Centre Ressource

Partenariat

JUMELAGES

ABOUT US

BURUNDI - PRESSEKLIPP

BURUNDI I MEDIA

CONFERENCE - DIASPORA

Agriculture et Elevage

BUFnor, Burundian Union

DEP. FEMMES

DEP. JEUNESSE

Programme MIDA

page1

SABA UBUFASHA

PROJETS

Africa tourism - Hotels

Village Hotel

SACO

SACO-NETBOUTIQUE

Busness and Opportunity

A PROPOS DE LA NORVÈGE

Vennskapsby

Sport et Culture

ABOUT Burundi

Royaume du Burundi

La génealogie royale

Photo Album

Contact us

Burundi actualité

e.mail: burundiactualite@gmail.com

Archives

BURUNDI-UBUHINDI: Abaganga b'abahindi bariteguriwe i Burundi

11-05-2010, Burundi Actualité - Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya SIDA bumenyesha ko hari umurwi w’abaganga kabuhariwe mu kuvura indwara z’umutima n’amagufa baje bava mu gihugu c’ubu Hindi bazotangura kuvura izo ngwara kuva kwigenekerezo rya 9 gushika kurya 11  Munyonyo.Bakazovurira ku bitaro CMSK vyo mu Kinindo mu gisagara ca Bujumbura.  - By E.I.

Kuri uyu wa mbere icegera ca kabiri c,Umukuru w,igihugu Gervais Rufyikiri yahaye umubonano Benjamin Mweri aserukira igihugu ca Kenya mu Burundi. Muri uyo mubonano  uwuserukira Kenya mu Burundi yamenyesheje ko igihugu ca Kenya cashimishijwe n’ingene amatora yagenze neza mu Burundi, mu mutekano no ku mugaragaro, aca mumenyesha ko n’amatora aherutse kuba muri Kenya yokwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro y’ico gihugu yagenze neza. Muruyo mubonano bavuganye ingene bofashanya mu gisata c’abikorera utwabo nic’amagara y’abantu.

Kuri uyu wambere nyene  icegera ca kabiri c,Umukuru w,igihugu yongeye araha umubonano Dr Mwasi Nzagi aserukira igihugu ca Tanzaniya mu Burundi. Dr Mwasi Nzagi akaba yaraje kumukeza kubera ko yongeye kwizigirwa agatorwa ngo abe icegera ca kabiri c,Umukuru w’igihugu. Bakaba kandi bavuganye ibijanye n’imegenderanire iri hagati y,Uburudi na Kenya.
By E.I.

Prezida Nkurunziza ngo agiye guhagurukira kurwanya ibiturire bimwe vy’akarorero.
11-09-2010, Burundi Actualite -
Prezida  Nkurunziza yaraye yongeye kwemeza imbere y’icegera ca  kabiri c’I Banki y’isi, ko agiye kurwanya yivuye inyuma igiturire, ata kubabarira. Yongeye avuga ko agiye no gushira inguvu mu korohereza abagwizatunga na cane cane abikorera utwabo. Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko agiye kubikora yisunze wa mugambi uburundi bwateguye uzoshika mu mwaka w’2025.  Ivyo akaba yabitangaje inyuma yaho I Banki y’isi yose yaraye yongereje igitigiri c’amahera yari isanzwe iha u Burundi. Umupfasoni Ezekwesili yamenyesheje ko ingingo nk’iyo yari irindiriwe cane, mu gihe u Burundi  buri ku rutonde rw’ibihugu vyasinzikajwe n’ibiturire. Urwo rutonde rukaba rwama rutegurwa n’ishirahamwe mpuzamakungu Transparency International.  Japhet Legentil Ndayishimiye
 
Umukuru w'Igihugu Petero Nkurunziza yahaye umubonano abaserukira Ishengero rya Anglikane mu Burundi.

11-10-2010, Burundi Actualité - Kur'uyu wa gatatu Umukuru w,igihugu c,Uburundi Petero Nkurunziza yahaye umubonano Abasenyeri bo mwidini rya Anglicane bakaba bari barongowe na Musenyeri Benard Ntahoturi arongoye ishengero ry,Anglikane mu Burundi. Inyuma yuwo mubonano Musenyeri Bernad Ntahoturi yamenyesheje ko bari baje kumukeza kubona yarizigiwe ngo asubire arongore Uburundi kandi bongera bamumenyesha ko bashimishijwe ningene amotora aheruka kuba yagenze neza.Muruyo mubonano bavuganye ukuntubokomeza amasengesho bashira mumaboko y,Imana Uburundi ngo bubandaye buhezagirwa.
Kukibazo cuko hari Abarundi bamwe bamwe bagiye mumahanga bafise ubwoba bwokugaruka mugihugu ngo Umukuru w,igihugu yabahumurije ngobifujije gutahuka ngontakibazo kirimwo barashobora gutahuka bakabandanya imirimo yabo.
----------------------------------------------------------------------------------------------------------
11-11-2010, Burundi Actualité .
Indwi yahariwe guhamagarira abanyagihugu kurwanya ingwara ya Diabete yatangujwe icese  kumusi wa mbere muntara ya Cibitoke.Ubushikiranganji bw,amagara y,abantu no ku gwanya sida bumenyesha ko kubantu ibihumbi 2.462 bari bipimishije diabete mu ntara ya Cibitoke muri bo amajana 546 basanze bayigwaye.Mukumenya ko umunsi mpuza makungu wahariwe ku gwanya iyo ngwara mu Burundi uzohimbazwa kw,igenekerezo rya 14 Munyonyo.
----------------------------------------------------------------------------------------------------------
Kuva kwigenekerezo rya 16 gushika kurya 19 Munyonyo hazotangura isekeza ryo gucandaga abana
kuva kubakivutse gushika kubafise amezi 59 muntumbero yokubakingira ingwara y,ubukangwe.Ivyo bikaba vyavugiwe mu nama yabereye muntara ya Gitega yahuza abajejwe amagara y,abantu mu ntara hamwe naba Buramatari b,intara kugirango bategure iryo sekeza.Bikaba bitegekanijwe ko hazocandagwa abana bangana n,umulioni 1.665.000. Mukamenya ko umwana umwe agwaye iyo ngwara y,ubukangwe ashobora kwanduza abana 200. E.I

Mu ntumbero yo kwitegurira umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ikiza Sida wama uhimbazwa kw’igenekerezo rya 1 kigarama, ishirahamwe RBP rihurikiyemwo abagendana umugera wa Sida ryaratunganije muntara 16 ibikorwa vyo kwiga ingorane nyamukuru abo bagendana umugera wa Sida bahura nazo.Bakaba basanze nko muntara za Kayanza, Ngozi, Muyinga na Kirundo abo bagendana umugera wa sida babura imiti ahandi naho ugasanga ku bitaro vyo kwipimishirizamwo badafise umuti bakoresha mugupima umugera witwa Genie 2. - 11-12-2010, Burundi Actualité - By E.I .
 
Umutekano ku mbibe hagati y’u Rwanda n’u Burundi: Ibiganiro birabandanya

11-04-2010, Burundi Actualité - Umupfasoni arongoye intara ya Kirundo Mme Petronie Sindabahaga, na Ephraim Kabaija arongoye intara ya Bugesera mu Rwanda, barahuriye i Nemba baganira ibijanye n’uruja n’uruza rw’abantu hagati y’imbibe z'ivyo bihugu bibiri. Bwana Kabaija avuga ko imigenderanire y’izo ntara zibiri yifashe neza uretse ahibonekeza ubusuma. Abategetsi bose barerekanye impungenge bafise ku bantu bambukira ahatarekuwe n’amategeko batabifitiye uburenganzira. Basanze hari abantu bapfa kubera kugedera mu mato y’amagendo adakwije ivyangombwa, atanarekuriwe gutwara abantu. Abo bategetsi biyemeje gutorera inyishu ico kibazo biciye mu biganiro bongere banarwanye n’ubusuma bwabaye ndanse. Bumvikanye ko ibivuye mu biganiro bobishikiriza ababakuriye imbere y’uko umupfasoni Petronie ashimira mugenzi wiwe w'i Rwanda kubera ico ciyumviro ciza co guhura bakaganira ku bijanye n’umutekano w’imbibe
 
Affaire Giswaswa

Mu gihe ubutungane bwokwemeza ko umukuru w'Igisagara Evrard Giswaswa yavuwe n'umuforomakazi yatanze ubuhamya, uyo muforomakazi arashobora gukurikiranwa n'amategeko kubera ibanga ry'ubuvuzi ritabirekura (secret medical) nk'uko umwe mu bahinga b'amategeko mu vy'ubuvuzi yabitumenyesheje. Aremeza ko amategeko y'abavuzi ahambaye cane ku buryo budasubirwamwo.
 
Ububiligi bugiye gutanga imiliyoni 32 z’amanyabulaya azofasha mu burimyi hamwe no mu buvuzi.
11-03-2010, Burundi Actualité - Icegera ca kabiri c’umukuru wigihugu Gervais Rupfikiri yahaye umubonano Jozef SMETS aserukira ububirigi mu  Burundi. Bavuganye ahanini ibijanye n’igisata c’uburimyi aho mbere Ububirigi bugiye gutanga imiliyoni 13 z’ama Euro azofasha muri co gisata eka hamwe n’igisata c’amagara y’abantu kikaba naco kizoronswa imiliyoni 19 za ma Euros. E.I
 
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yakoranije abarongoye inntara za gisirikare n’igipolisi.
 
11-03-2010 - Burundi Actualite - Kuri uyu wakabiri Prezida Nkurunziza yagiranye inama n’abarongoye intara zose za gisirikare n’igipolisi. Intumbero yiyo nama kwari ukurabira hamwe ingene umutekano wifashe mu gihugu cose. Muri rusange basanze umutekano wifashe neza mugihugu cose. Bamenyesheje ko utugwi twahungabanya umutekano muntara ya GITEGA na Muramvya ngo baradusambuye eka na bamwe bamwe mubatugize barafashwe. Abarongoye intara ya 1 niya 3 bamenyesheje ko bakoreye hamwe kugirango barabe uko umutekano wifashe mukibira. Aho naho mukibuka ko havugwa ko hariko haravukira imigwi yabagwanyi. Muri rusangi naho basanze umutekano waho wifashe neza.Tubamenyeshe ko iyo nama yabereye muri commune Kabezi muntara ya Bujumbura rural.
 
Umupfasoni w’umukuru w’igihugu yahaye imfashanyo ubushikiranganji bw’amagara y’abantu
11-03-2010, Burundi Actualite - Kuri uno munsi wa kabiri igenekerezo rya 2. munyonyo, umutambukanyi w’Umukuru w,igihugu Denise Nkurunziza asanzwe arongoye ishirahamwe Fondation Ubuntu,yashikirije ubushikiranganji bw’amagara y’abantu n’ukurwanya Sida imfashanyo y’ibikoresho vyo kwa muganga. Iyo mfashanyo ikaba yarigizwe n’ibitanda 40, amamatera 40, ibikoresho vyo muri laboratoire hamwe n’ibindi bikoresho kenshi bikenegwa kwa muganga. Iyo mfashanyo ikaba yakiriwe n’Umushikiranganji ashinzwe amagara y’abantu umupfasoni Sabine NTAKIRUTIMANA. Mw’ijambo yashikirije yashimye cane ingene ivyo bikoresho bizofasha cane kandi ngo bari babikeneye. Ndabamenyeshe ko iyo mfashanyo umutambukanyi w,Umukuru Wigihugu yatanze yari yaronkejwe ishirahamwe Fondation Ubuntu iyihawe n,ishirahhmwe ry’abanyamerika ryitwa International medical collaborative.
 
Rwanda's cement itegekanya kugurisha isima i Burundi na Kongo
CIMERWA isanzwe ikora isima mu Rwanda irabona ko uburundi ari igihugu ca mbere bazogurishirizamwo isima. Nkuko umuyobozi mukuru Fiacre Birasa abivuga, kugera uno musi bakora amatoni 100.000 ku mwaka. Cimerwa yasavye ingurane ingana miliyoni 76$ y’amanyamerika  kugira ngo yongereze umwimbu ishobore gukorera muri ivyo bihugu bitatu.

Website powered by Network Solutions®