|
INAMA MPUZAMAKUNGU Y'ABARUNDI BABA HANZE.
Intumbero y'inama, ni gute abarundi bo hanze boterera mu kubaka uburundi bwasambutse?
Stavanger, 26 - 28 Ruheshi 2009.
Ikete ku barundi benewacu,
Haraheze imisi tubamenyesheje ibijanye n'Inama mpuzamakungu y'abarundi baba hanze y'Uburundi iriko irategurwa, ikazokurikira izabereye mu bu bubiligi.
Tukaba rero twaronse (BUFNOR) uburenganzira bwo kuyitegura dufadikanije n'umurwi w'abahinga b'abarundi bo mu Bubiligi (Groupe des Experts de la Diaspora).
Vyinshi kuri iyo nama murashobora kuzoza murabikurikirana aha hakurikira: http://www.cpha-africa.org/conferencediaspora/agricultureetelevage.html,
Iyo nama izokwakira abanyacubahiro bazoba bavuye mi mihingo yose y'isi (Amerika, Kanada, Burundi, australie, Uburaya bg'epfo, na Skandinavia ).
Turabasavye rero kubipfuza gukorana natwe gutangura kumenyekanisha amashirahamwe yanyu kugira ngo tumenye abo dushobora gukorana.
Ingingo zizononosorwa ni izi zikurikira:
1. Uburimyi n'Ubworozi
2. Intwaro ibereye
3. Uruhara rw'Umukenyezi mw'iterambere.
Twagomba rero tubatumire kugira umurwi wo gutegura kwakira abo bashitsi. Si bose bashobora kuja muri uyo murwi, arico gituma twategekanije ibi bikurikira:
Abipfuza kuja muri uyo murwi wo kwakira abashitsi ( Comité d'Acceuil) dusaba ko boba bafise ibi bikurikira:
1. kuba uva m'Ishirahamwe ( Izina ry'ishirahamwe, abarongozi, n'intumbero y'ishirahamwe n'igitigiri c'abanywanyi).
2. Canke kuba ufise ubuhinga n'ubumenyi runaka (personne ressource).
3. Kuba uri umuntu azwiko ubushingantahe (preuve de sagesse).
Abipfuza gushikiriza Communication zijanye n'uburimyi n'ubgorozi, intwaro ibereye n'ibijanye n'uruhara rw'abakenyezi mw'iterambere.
Bagomba kuba (appel à proposition de communication sur les themes proposés:
1. Umuhinga muri kimwe muri izo ngingo zitatu
2. Kuba umenyereye gukoresha amanama no gushikiriza amajambo
3. Uwo muntu agomba kwishimikiza ingingo yahisemwo mu vyo ashikiriza.
4. N'imiburiburi inkaratasi hariko inyandiko, format A4, Indome12, nturenze inkaratasi 6 zitagira ibicapu.
5. Umwirondoro w'amashuli n' umwimenyerezo ufise (CV).
Abafise imigambi, canke amaproje yanditse (planification de projet), kandi bavyipfuza basabwe kuzoyategura bayashikirize Komite nkuru yashinzwe gutegura Inama (CO).
Kugira ngo ushikirize umugambi ugomba kwishimikiza ibi bikurikira:
1. Kuba ufise umu partenaire (ishirahamwe) i Burundi mukorana.
2.Ko umugambi wawe uba wishuye ibibazo umuntu yokwibaza : Wipfuza iki, uzobikora gute, uzokorera hehe, ni nde azokora iki, bizotwara uburyo bungana gute?
Ahasigaye musabwe kubimenyesha abatashoboye kubironka. Kugira ngo ejo mutazosanga mwracerewe. Itarike ntarengwa ku barundi baba muri Norveje
ni igenekerezo rya 15 Ntwarante 2009. Mushaka kumenya vyinshi ja kuri site: www.cpha-africa.org, canke twandikire kuri adresse iri hano hasi.
Amakete yanyu canke abafise intererano y'ivyiyumviro, mwobirungika aha hakurikira:
Ivyiyumviro vyanyu vyirwa n'umurwi washinzwe gutegura iyo nama kandi ukora wishinze amategeko akingira inyandiko zanyu (Taushetsplikt/secret professionnel).
Organisasjon BURUNDI-NORGE
Dysjalandsvegen 12c
4360 Varhaug, Norge
E-mail: bufnor@post.com,
Canke
Sandnes Norsk folkehjelp
Internasjonalt - Burundi konferanse
Postboks 316, 4303 Sandnes
Norway
Tukaba rero mw'Izina ry' Ishirahamwe BUFNOR, twongeye gushimira abarundi isinzi batwandikira canke baduterefona badushimira kandi batumenyesha ko bishimiye
uburyo Ishirahamwe BUFNOR ririko rirakora ryisunze ineza ya bose kandi mu buhinga bugezweko. Tubasavye kurungikira uru rwandiko abadashoboye kururonka.
Turakengurukiye cane Ishirahamwe Burundi-Norge, na Norsk Folkehjelp bo bemeye kwifatanya n'abarundi ba hano muri Norvege muri kino kiringo c'Imyaka ibiri.
Japhet Legentil Ndayishimiye
President de la BUFNOR et Président du comite d'Organisation
de la Conference Internationale de la Diaspora burundaise.
|